Uwigeze mu gisirikare c'Ubwongereza yishwe muri Kenya

Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c'Ubwongereza imyaka 6 Uwufise ububasha kw’isanamu OFFBEAT SAFARIS
Image caption Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c'Ubwongereza imyaka 6

Tristan Voorspuy yahora mu gisirikare c'Ubwongereza yiciwe mu gihugu ca Kenya, nkuko amakuru aturuka mu gipolisi avuga.

Uwo mwongereza yishwe n'abungere ku munsi wa Mungu ahitwa Laikipia ariko aragenzura amahoteri yiwe, niko umupolisi wo murako karere yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Bino bibaye mu gihe hari umugenzo ukunze kwaduka igihe c'ici, wo kuronderera ubwatsi aho buri hose no mu matongo y'abanyagihugu basanzwe.

Bwana Voorspuy ni we yatanguje ishirahamwe ryifashe neza Offbeat Safaris, rikorana n'abakerarugendo.

Martin Evans, arongoye ishirahamwe ry'aborozi "Laikipia Farmers Association", yavuze ko Bwana Voorspuy yatewe ariko aragenzura ihoteri yaturiwe n'abo bungere bagiye kwoneshereza mw'itongo iwe.

Igihe adatashe ku wa Mungu ku mutaga, umurwi w'abamuhigisha indege warabonye ifarasi yiwe yakomeretse ariko ntiwabona Voorspuy, niko bwana Evans yavuze.

Munyuma umurwi uronderera irengero ryiwe hasi, niwo wabonye ikiziga ciwe iruhande y'iyo nzu yaturiwe.

Ukwo kwonesha kwoba gutegwa n'uruzuba canke kuva ku mvo za politike?

Abategetsi bamwe basigura ko kwonesha bitegwa n'uruzuba rwabaye ndanse, rutuma aborozi bihebura.

Ba nyene amatongo bo bavuga ko ababatera barungikwa n'abanyepolitike bipfuza ko bokwakwa ayo matongo.

Bavuga ko abanyepolitike aribo bahimiririza abo bungere mu bwicanyi, barondera ingene bokundwa n'abanyagihugu na burya himirije amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kw'umunani.