Umukuru w'igipolisi ca Kenya ngo kajugujugu yiwe ntiyarashwe

Joseph Boinnet (i buryo yambaye amarori yirabura), umukuru w'igipolisi ca Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Joseph Boinnet (i buryo yambaye amarori yirabura), umukuru w'igipolisi ca Kenya

Umukuru w'igipolisi ca Kenya Joseph Boinnet yahakanye ivigwa yuko kajugujugu yari imureruye yarashwe ku munsi wa gatandatu, agendera intara ya Laikipia.

Ayo makuru avuga ko iyo kajugujugu yarashwe mu karere umugabo w'umwongereza afise amatongo menshi, Tristan Voorspuy, yishwe ku munsi wa Mungu.

Bwana Boinnet yari murako karere guhura n'intwazangabo zirongoye abasirikare bari mu gikogwa co kugarukana umutekano.

Itangazo ryavuye mu gipolisi rivuga ko ayo majambo yashikirijwe ari "ibinyoma" kandi ko ari "irementanya".

Abungere bo mu miryango y'aba Pokot n'aba Samburu baragavye ibitero mu matongo y'abantu mu ntara ya Laikipia.

Ikinyamakuru "The Star" kivuga ko abantu barenga 1 000 bagizwe n'abagabo hamwe n'urwaruka bafise inkoho, bamaze iminsi bagaba ibitero mu buraruko bwa Laikipia.

Abatera ngo barica abantu hamwe n'ibikoko, bakiba ibitungwa n'ibindi vyose babonye, bagaturira n'amazu, niko ayo makuru avuga.