FBI ngo ntiyahereje Obama ibiganiro vya Trump

Ivyo birego bijanye n'amatora yo mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivyo birego bijanye n'amatora yo mu mwaka uheze

Umuyobozi w'ikigo kijejwe iperereza muri Amerika, FBI, James Comey, yahakanye ivyavuzwe na Donald Trump ko Barack Obama yasavye kwumviriza ivyo yaganira kuri telefone.

Ivyo biganiro ngo ni ivyabaye imbere yuko Donald Trumo atorwa, ivyo bikaba vyavuzwe n'kinyamakuru co muri Amerika.

Bivugwa ko Bwana Comey yasavye ubushikiranganji bujejwe ubutungane, "Department of Justice" (DOJ) guhakana ku mugaragaro ivyo Trump yashikirije ku munsi wa gatandatu, nkuko bivugwa na New York Times na NBC.

Bivugwa ko yasavye bino, kubera ko ivyo aregwa vyoba bisigura ko yarenze amategeko, ariko ubushikiranganji bw'ubutungane ntaco bwabivuzeko.

Itangazamakuru rya Amerika rivuga ko ubutegetsi bwavuze ko Bwana Comey yemera ko ata vyemezo bihari vyoshigikira ivyavuzwe na Bwana Trump.

Bubaye ubwa mbere umuyobozi wa FBI acishwamwo ijisho n'umukuru w'igihugu ari ku butegetsi.

Bino vyerekana ko Bwana Comey agiye gukurikiranwa cane n'aba Démocrates bazomusaba kubisigura ku mugaragaro.

Nta bimenyetso

Prezida Trump, avugwa cane ko yafashijwe n'Uburusiya mu kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu, yavuze ayo majambo ku rubuga hwaniro rwa Twitter ku munsi wa gatandatu.

Nta bimenyetso yatanze vyoshigikira ko amajwi y'ibiganiro vyiwe vyo ku murongo wa telefone ku nyubakwa Trump Tower, yafashwe mu muwaka uheze.

Umuvugizi wa Bwana Obama yavuze ko ibirego vya Bwana Trump "atari ivy'ukuri".

Iyo biba ukuri, ubushikiranganji bw'ubutungane ngo buba bwarashingishije urubanza butarinze kugira ico bubajije White House.