Abantu mirongo itatu baguye mu bwicanyi i Myanmar

Umuhanuzi w'igihugu Aung San Suu Kyi avuga ko ubutegetsi butinya ko abanyagihugu basubira guhunga ku bwinshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhanuzi w'igihugu Aung San Suu Kyi avuga ko ubutegetsi butinya ko abanyagihugu basubira guhunga ku bwinshi

Niburiburi abantu 30 bishwe ku rubibe rwa Myanmar n'Ubushinwa, mu bwicanyi bwaturutse ku mishamirano hagati y'inyeshamba zigwanira ubwoko n'inteko z'umutekano.

Ibigwanisho bikomakomeye hamwe n'inkoho ziremurutse nivyo vyakoreshejwe mu gisagara ca Laukkai, mu ntara ya Kokang.

Ingwano yatanguye inyuma yaho inyeshamba ziyambitse umwambaro w'igipolisi, zihwikiriye abajejwe umutekano.

Abasivile batanu, abapolisi batanu hamwe n'inyeshamba 20 nibo bavugwa ko bapfuye.

Ubutegetsi bwa Myanmar bwavuze mw'itangazo bwasohoye: "Twisunze amakuru ya mbere twaronse, abasivile benshi barimwo umwigisha wo mu mashule y'intango...bapfuye kubera ibitero vy'umurwi w'abitwaje ibigwanisho bo muri MNDAA."

'Abanyagihugu bahunze'

Umurwi "Myanmar Nationalities Democratic Alliance Army" (MNDAA) ni umurwi w'inyeshamba ugwanya igisirikare ca Myanmar mu karere.

Ubutegetsi buvuga ko ico gitero cagabwe kare ku munsi wa mbere, cibasira ibirindiro vy'igipolisi n'ivy'igisirikare.

Uwundi murwi w'abagwanyi munyuma utera utundi duce i Laukkai.

Amasanamu ya "video" yacishijwe ku rubuga hwaniro yerekanye uduce tw'igisagara tururumba ku munsi wa mbere inyuma y'umutaga, abanyagihugu nabo bariko barahunga.

Amakuru aturuka mu gisirikare yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP, ko ingwano yari ikibandanya igihe bwariko burira.

"Abanyagihugu bariko barahunga. Nta bitigiri turamenya," niko yavuze.

Nta bwicanyi bubi nka mwem'ubwo bwaheruka kwibonekeza i Kokang, mu buraruko bw'intara ya Shan, kuva mu 2015

Izo ndyane ziri ku rubibe zituma haduka icuka kibi hagati ya Myanmar n'Ubushinwa.

Kokang irafitaniye ubucuti n'Ubushinwa, mu gihe abanyagihugu bavuga ururimi ruja gusa n'igishinwa, bagakoresha ifaranga rya yuan.

Umuhanuzi wa leta, umupfasoni Aung San Suu Kyi, avuga ko leta isa niyihebuye irondera kurangiza ubwo bwicanyi bumaze imyaka mirongo, butinya ko bushobora gutuma abantu benshi basubira guhunga.