Chelsea igiye kuronka ikibuga gishasha

Uwufise ububasha kw’isanamu CHELSEAFC/HERZOG & DE MEURON
Image caption Inkingi z'ikibuga gishasha ca Stamford Bridge

Umurwi w'umupira w'amaguru wo mu gihugu c'Ubwongereza, Chelsea, waronse uruhusha rw'uwurongoye igisagara ca Londres, rwo kwubaka ikibuga kizokwakira abantu 60 000, kizotwara imiliyoni $612.

Ubutegetsi bw'amakomine ya Hammersmith na Fulham bwemeje integuro zatanzwe mu kwezi kwa mbere zo kubomora ikibuga Stamford Bridge cakira abantu 41 600 gusa.

Umukuru w'igisagara ca Londres niwe afise ijambo rya nyuma ku bijanye n'ingene uwo mugambi woshobora gukogwa mu gisagara ca Londres.

Mu minsi iheze, Sadiq Khan yavuze ko "integuro ibereye ijisho yo ku rwego rwo hejuru" izokwongera umurwa mukuru "inyubakwa ibereye yo kunonora imitsi".

"Mfise icizere ko kino kibuga gishasha kizoba nk'igisharizo ku bijanye na "sport" mu gisagara ca Londres kandi kizokwega abashitsi n'abakunzi b'umupira w'amaguru bavuye kw'isi yose."

Uwufise ububasha kw’isanamu CHELSEAFC/HERZOG & DE MEURON
Image caption Ikibuga gishasha cizwe na Herzog hamwe na De Meuron bari mu bakoze "Birds Nest", cacumbikiye inkino za Olympique za Beijing

Trizia Fiorellino, arongoye umurwi w'abakunzi ba Chelsea "Chelsea Supporters Group" yavuze ati: "Mwese murabona ko ari inkuru nziza kuri twebwe, Spurs bararonse ikibuga gishasha, West Ham bararonse gishasha, twagira dusigare inyuma - ino ni inkuru nziza ku bakunzi ba Chelsea."

Ivyigwa vy'ico kibuga gishasha vyakozwe n'aba "architectes" Herzog na de Meuron, bakoze ikibuga "Birds Nest"(icari c'inyoni) cacumbikiye inkino za Olympique za Beijing.