Trump yasohoye itegeko rishasha rikumira abimukira

White House yasohoye ifoto Trump ashira umukono kuri iryo tegeko rishasha Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption White House yasohoye ifoto Trump ashira umukono kuri iryo tegeko rishasha

Prezida Donald Trump yashize umukono ku tegeko bwiriza rishasha, ribuza abimukira bo mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo abo mw'idini rya Islamu, kwinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kiringo c'iminsi 90.

Igihugu ca Iraki-cari cashizwe ku rutonde rwa mbere rw'ibihugu indwi- cakuwemwo muri rino tegeko rishasha, kimaze kwemera gukomeza uburyo bwo gusuzuma ingenzi n'abimukira.

Iryo tegeko ririmwo no gukumira impunzi izarizo zose ku kiringo c'iminsi 120, rizotangura kuja mu ngiro itariki 16 z'ukwezi kwa gatatu.

Itegeko rya mbere, ryahagaritswe na sentare y'igihugu, ryatumye haduka akavuyo ku bibuga vy'indege, rituma abanyagihugu biha amabarabara.

Mu gihe abarisiguye bavuga ko ari uburyo bwo gukomeza umutekano w'igihugu ku bijanye n'ikibazo c'iterabwoba, ryahavuye rihagarikwa na za sentare.

Rino tegeko bwiriza rishasha ryashizwe ahabona n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'amakungu, Rex Tillerson, umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions hamwe n'umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu hagati, John Kelly.

"Ikiriho nuko ata kidukingira ku bitero vy'abihevyi, hanyuma abansi bacu bakifashisha umwidegemvyo n'agatima kacu ko gusabikana mu kudutera," niko Bwana Kelly yavuze.

Mu gusigura igituma impunzi zakumiwe, Bwana Sessions yavuze ko hari impunzi 300 ziriko ziratohozwako ivyaha bijanye n'ibikogwa vy'iterabwoba. Nta zindi nsiguro yatanze.