Umukuru wa Onu muri Somalia ku kibazo c'inzara

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres (uwa kane uvuye i bubamfu) ashitse ku kibuga c'indege ca Mogadishio Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres (uwa kane uvuye i bubamfu) ashitse ku kibuga c'indege ca Mogadishio

Umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres, ari mu rugendo mu gihugu ca Somalia aho ategekanya kubonana n'umukuru w'igihugu mushasha Mohamed Abdullahi "Farmajo" ku bijanye n'ikibazo c'inzara be n'umutekano.

Igihe yarafashe urwo rugendo, Bwana Guterres yabwiye abamenyeshamakuru:

"Indyane, uruzuba, ihindagurika ry'ibihe, ingwara na kolera bigiye hamwe, bitesha umutwe

"Ni urugendo rukenewe rwo gushigikira Somalia. Turiko turarondera ingene dutorera inyishu ico kibazo...ngo twirinde bibi kurusha."

Bwana Guterres ategekanya kubonana na Bwana Mohamed ku kibuga c'indege aho umutekano wakomejwe cane n'abasirikare ba Amisom, hasanzwe hari ibiro vya Onu.

Bubabye ubwa gatatu umukuru wa Onu atembereye Somalia kuva mu 1993- imyaka ibiri iheze prezida w'ico gihe Siad Barre yirukanywe, igihugu kigaca cinjira mu ngwano.

Arungika ubutumwa ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Bwana Guterres yongeye avuga ati: "Ndashitse muri Somalia mu rugendo nihutishije kubera inzara na kolera. Abantu bariko barapfa. Amakungu ategerezwa guhaguruka akabihagarika."