Umwigisha Stella Nyanzi akurikiranwa kuba "yatutse" muka Prezida Museveni

Umwigisha wa kaminuza Stella Nyanzi
Image caption Umwigisha wa kaminuza Stella Nyanzi

Umwigisha wa kaminuza Stella Nyanzi yarekuwe n'igipolisi inyuma y'amasaha menshi abazwa ku majambo yavuze, atyoza umuryango w'umukuru w'igihugu ca Uganda.

Yasabwe kwitaba igipolisi camurondera kubera "amajambo ababaza yaciye ku rubuga hwaniro" inyuma yaho aneguye umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Janet Museveni kuba atashoboye gufasha abakobwa bakenye badashobora kuronka udukoresho bifashisha (kotex) iyo bari mu kwezi, ubutumwa yacishije kuri Facebook.

Yavuze ko igipolisi camubajije mu rupfasoni, kimwemerera kwishura ibibazo.

Igipolisi camubwiye ko mu mvugo yiwe yo ku rubuga hwaniro, yatutse Prezida Museveni n'umugore wiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Yoweri Museveni n'umutambukanyi wiwe Janet Museveni

Nyanzi we yabwiye ishengero ry'abamushigikiye bari hanze ati:

Bashaka kuvuga iki iyo bavuze ngo naratukanye? Ahubwo izo ndongozi na leta ni bo batukisha abaganda igihe birengagiza igihugu."

Umupfasoni Nyanzi yavuze ko ata kintu na kimwe kizomuhagarika kuvugira ico yiyumvira ku mugaragaro kiretse bamurashe agapfa.