Onu itewe amakenga n'itegeko ry'abimukira rya Trump

Trump avuga ko yihaye umwanya kugira ngo amategeko ajanye n'ingenzi n'abimukira asubirwemwo Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Trump avuga ko yihaye umwanya kugira ngo amategeko ajanye n'ingenzi n'abimukira asubirwemwo

Umuryango mpuzamakungu wa Onu witaho ibibazo vy'impunzi (UNHCR) wavuze ko utewe amakenga n'itegeko Prezida Trump yashizeko umukono ryihanikiza abinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iryo tegeko ryihanikiza abanyagihugu bo mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo abo mw'idini rya Islamu, kwinjira muri Amerika mu kiringo c'iminsi 90, rikumira n'impunzi izarizo zose kwinjira muri ico gihugu ku kiringo c'iminsi 120, rikaba rizotangura kuja mu ngiro itariki 16 z'ukwezi kwa gatatu.

Onu ifise amakenga ko mu gihe iryo tegeko ryotangura gukurikizwa, ko rizokora ku mpunzi zitagira icepfo na ruguru zirimwo abana, abagendana ubumuga n'abarwaye.

Onu ivuga ko iminsi yatanzwe yo kurindira ari myinshi ku bantu bari mu ngorane zikomeye.

Igihugu ca Iraki-cari cashizwe ku rutonde rwa mbere rw'ibihugu indwi- cakuwemwo muri rino tegeko rishasha, kimaze kwemera gukomeza uburyo bwo gusuzuma ingenzi n'abimukira.

Itegeko rya mbere, ryahagaritswe na sentare y'igihugu, ryatumye haduka akavuyo ku bibuga vy'indege, rituma abanyagihugu biha amabarabara.

Mu gihe abarisiguye bavuga ko ari uburyo bwo gukomeza umutekano w'igihugu ku bijanye n'ikibazo c'iterabwoba, ryahavuye rihagarikwa na za sentare.

Rino tegeko bwiriza rishasha ryashizwe ahabona n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'amakungu, Rex Tillerson, umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions hamwe n'umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu hagati, John Kelly.

"Ikiriho nuko ata kidukingira ku bitero vy'abihevyi, hanyuma abansi bacu bakifashisha umwidegemvyo n'agatima kacu ko gusabikana mu kudutera," niko Bwana Kelly yavuze.

Mu gusigura igituma impunzi zakumiwe, Bwana Sessions yavuze ko hari impunzi 300 ziriko ziratohozwako ivyaha bijanye n'ibikogwa vy'iterabwoba. Nta zindi nsiguro yatanze.