Ubushinwa bugiye kwikingira kubera Korea yepfo

Amerika iriko iratunganiriza Korea yepfo uburyo bwo kwikingira ibitero vya "missiles" vyoza biyigana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amerika iriko iratunganiriza Korea yepfo uburyo bwo kwikingira ibitero vya "missiles" vyoza biyigana

Ubushinwa bwavuze ko buzofata ingingo butasobanuye zotuma bwikingira inyuma yaho Korea yepfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitanguriye gushinga uburyo bwo kwirinda ibitero vya "missiles".

Ubutegetsi bwa Seoul buvuga ko ivyo bigwanisho bigiye gutuma yikingira ibitero vya Korea ya ruguru, yateye "missiles" mu kiyaga c'Ubuyapani ku munsi wa mbere.

Ubushinwa bwariyamirije iryo tera rya "missiles" ryakozwe na Korea ya ruguru ariko biribonekeza ko butewe kurusha amakenga n'ubwo buryo bwo kwikingira Amerika iriko irategura, butegekanya gukoresha icuma kibona kure "radar", gishobora gushika hagati mu Bushinwa.

Amerika yatanguye gutwara muri Korea yepfo ibikoresho vya mbere vy'ubwo buryo bwo kwikingira ibitero vya "missile".

Uburyo "Terminal High-Altitude Area Defense" (Thaad) nubwo gufasha kwikingira ibitero vya Korea ya ruguru.

Ingingo yo gutangura gushinga ubwo buryo bwo kwikingira yafashwe inyuma yaho Korea ya ruguru itereye "missiles" zine, ikirengagiza ibihano yafatiwe n'amakungu.

Uwo mugambi wa Amerika na Korea yepfo warashavuje akarere ko mu mazinga ya Korea harimwo n'igihugu c'Ubushinwa.

Ibinyamakuru vyo muri Korea yepfo bivuga ko ibikogwa vyo gushinga ibateri Thaad vyatanguye ku munsi wa mbere, bimwe mu bikoresho bikaba vyaje biva muri Amerika, vyururukirizwa ku kirindiro c'abasirikare ba Amerika kiri hafi ya Seoul.

Itangazo ryavuye mu gisirikare ca Amerika ryaravyemeje rivuga ko "ibikoresho vya mbere" vy'ubwo buryo bwo kwikingira vyarungitswe muri Korea yepfo.

Ubwo buryo bwo kwikingira ngo bushobora gutangura gukora mu ntango z'ukwezi kwa kane, nkuko ikinyamakuru ca Korea yepfo cavuze.