Hoba hari uburyo bwo kwirinda gutosekaza umwuka wo mu kirere?

Logan Eddy yarafashije mu gupima ingene icuma kigenzura urugero rw'ivyuka gikora
Image caption Logan Eddy yarafashije mu gupima ingene icuma kigenzura urugero rw'ivyuka gikora

Abaguma barondera inyishu ku ngorane zijanye no guhema umwuka mubi, batuma hari ivyiyumviro bija ahabona, kuva ku bisanzwe, ukaja biteye amazinda mu nyuma ugashika ku bidasobanutse.

Ishule ry'intango ryo mu gisagara ca Londres usanga ritanga agakoresho ko gukingira amazuru (masque) ku banyeshule.

Ubutegetsoi bwo mw'ikomine ya Cornwall usanga busaba abantu kuja hanze iyo baba iruhande y'amabarabara acamwo imiduga myinshi.

Ibisagara bine bikomeye- Paris, Athenes, Mexico City na Madrid-vyipfuza guhagarika ivyuma vyose bikoresha ibitoro vyo mu bwoko bwa "diesel" bitarenze mu 2025.

Ku murwa mukuru w'Ubuhindi, Delhi, urimwo umwuka mubi cane, usanga bazana imoteri y'indege ngo ishwiragize uwo mwuka.

Ikigo ca Onu citaho amagara y'abantu "Organisation Mondiale de la Santé" caharuye ko 92% vy'abantu bose baba kw'isi bahema umwuka mubi-naho utaba umeze kumwe hose.

Ku bakene bo mu misozi, umwuka mubi uva mu gutekesha inkwi canke ku mase iyo inzu yugaye.

Mu turere tutaratera imbere, n'umwuka uva mu miduga canke ivumbi riva ku kwubaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Delhi ni kimwe mu bisagara vyo kw'isi birimwo ivyuka bibangamira amagara

Mu bihugu bimaze kwitez'imbere, umwuka mubi uva mu miduga no mu mahinguriro.

Ica mbere gikwiye gukogwa ni kumenya ibibanza biba birimwo umwuka utosekaye n'ingene abantu batandukigwa.

Ivyatowe ku muntu umwe

Abahinga bo ku ishule kaminuza rya Leicester bamaze igihe bakoresha akuma gapima umwuka kugira bamenye urugero rw'uwutandukira umuntu.

Twarakurikiranye Logan Eddy w'imyaka 14, atwaye akuma gaharura uko umwuka acamwo umeze n'ingene ungana.

Aho yaca, twaca tubona imirongo kw'ikarata ya "electronique", ibara ry'iyo mirongo niryo ryerekana urugero bw'ububi bw'umwuka.

Image caption Akuma kagenzura urugero rw'ivyuka karakwereka ingene vyifashe ku munsi

Ivyuka vyari bibi kandi ari vyinshi cane igihe yari ahagaze arindiriye kujabuka ahantu haca imodoka nyinshi, biba bike ku mabarabara yo ku ruhande, bisubira kuduga iruhande y'amaduka aho imodoka zihagaze ziguma zihindisha imoteri.

Amaze kubona ingene urwo rugero rw'ivyuka rugenda ruhindagurika bitewe n'aho umuntu ashitse, Logan yaciye ahindura ivyo yarazi ku bijanye n'umwuka wo mu nzira, bagenziwe nabo nyene baca barahindura ingendo.

"Ababibonye baciye birinda kurindirira bagenzi babo iruhande ya bisi zitazimije imoteri, bavuye mw'ishule," niko yavuze.

"Barindirira ....kure y'amabisi.

Professeur Roland Leigh, wa kaminuza ya Leicester, avuga ko bikwiye ko imodoka zimenya aho zihagarara ku buryo ivyuka zirekura bidatandukira abantu bari mu mabarabara na cane cane abana n'abasaza.

"Kimwe mu intu twese dukwiye gukora nuko twoteza imbere uburyo bwo kwiyunguruza, kugira ngo imodoka ntizigirire urutavanako hafi y'amashule y'intango canke hafi y'amazu y'abasaza ahubwo apfume arugirira mu bindi bice aho umwotsi utandukira abantu bake," niko yavuze.

Gusukura imoteri

Kubera iki tutotangurira ku bizana cane uwo mwotsi nukuvuga imodoka zirekura iyo myuka mibi?

I Buraya abahingura imodoka bamaze imyaka myinshi baratunganije uburyo bwo gusukura imoteri, bakazikuramwo ivyuka bibangamira amagara y'umuntu nka "monoxyde de carbone" na "dioxyde d'azote" .

Image caption Kaminuza ya Bath isuzuma urugero rw'ivyotsi biva mu modoka

Mu mategeko mashasha y'ibihugu vya Buraya ku bijanye ni'ivyo vyotsi, Euro 6, asaba ko imiduga irekura ivyotsi bike ku ya kera, ariko icizere caragabanutse kuva igihe ihinguriro VW rifashwe ryabeshe ntirikurikize iryo tegeko.

Inzira zitandukanye ziriko zirigwa kugira ngo ico kibazo c'ivyuka birekugwa n'imodoka kirangire.

Abahinga bo kw'ishule kaminuza rya Bath biyumvira ko hokogwa icuma cinjizwa mu moteri cogabanya ivyo vyuka ariko bagasanga imodoka yohava inywa cane, ivyuka vya "dioxyde de carbone" bikiyongera bigatuma ikibazo co guhangana n'ihindagurika ry'ibihe gitera gikomera.

Abandi bibaza ko abafise imiduga ishaje bohabwa amahera yo kugura imiduga yo mu gihe ca none irekura ivyuka bike, ariko bakibaza iyo yova niba ubutegetsi bwovyishinga.

Mu bihugu bimwe bimwe vya Buraya imiduga itarekura ivyotsi irakurigwako amwe mu mahera y'ikori ivyo bigatuma abafise iza kera barondera ingene bazikura.

Mu gihe ico kibazo citwararitswe cane mu bihugu biteye imbere, ku mugabane wa Afrika no muri Asia ngo ingorane ntiziriko zirahera ubu bwa vuba. Ngo nta mugambi numwe utunganywa wo kugenzura urugero ivyuka bibangamira ubuzima bw'umuntu rugezeko.

Image caption So I can Breathe