Jenoside ku muryango wa Sudani y'ubumanuko

Onu ivuga ko inzara iri muri Sudani y'ubumanuko iva ku bugaba bw'abantu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Onu ivuga ko inzara iri muri Sudani y'ubumanuko iva ku bugaba bw'abantu

Icegeranyo c'umuryango mpuzamakungu Onu kivuga ko ubwicanyi buvangura bushingiye ku moko bukogwa muri Sudani y'ubumanuko, bushobora gutuma haduka ihonyabwoko (génocide)

Mu vyashitsweko, bivugwa ko abatana mu mitwe bahiga n'abasivile.

Ico cegeranyo casohotse inyuma y'itohoza ryamaze amezi indwi rikurikirana ivy'agateka ka kiremwa muntu muri Sudani yo mu bumanuko, kivuga ko kuva igihe ingwano yadukiye mu kwezi kw'indwi 2016, ko amabi ashingiye kukutubahiriza agateka ka zina muntu yiyongeye.

Kivuga ko inteko za leta hamwe n'imirwi y'abafise ibigwanisho bafata ingwano barimwo nk'icitwazo, bagatangura kwica abasivile bisunze amoko, babicisha inzara, bagatuma bata n'ingo zabo.

Naho igisirikare c'igihugu hamwe n'inyeshamba bagirizwa ayo mabi, ico cegeranyo gishira amakosa menshi ku mugambwe uri ku butegetsi, ikigo kijejwe umutekano, igipolisi hamwe n'imirwi bakorana.

Ico cegeranyo cagiriza abasirikare ba leta, benshi muri bo ari abo mu bwoko bw'aba Dinka, guhiga abasivile bo mu bwoko bw'aba Nuer, bagafata n'abagore bo muri ubwo bwoko ku nguvu.

Leta ya Sudani y'ubumanuko yarahakanye ko ata jenoside ihari kandi ko ata bwoko buhamwa.

Prezida Salva Kiir yasavye ko hotunganywa ibiganiro bihuza abenegihugu.