Ikigo CIA cagirizwa kwabura abanyagihugu muri Amerika

CIA ntiremeza ko ivyo vyegeranyo ari ivy'ukuri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption CIA ntiremeza ko ivyo vyegeranyo ari ivy'ukuri

Ibigo bijejwe iperereza n'itohoza muri Amerika vyatanguye igikorwa co gusuzuma ivyegeranyo biharugwa mu bihumbi vyashizwe ahabona, vyerekana uburyo ikigo CIA cagiye kirabura abanyagihugu.

Bwabwiye ibigo vy'itangazamakuru vya Amerika ko FBI na CIA bariko barakorana, inyuma yaho ikigo gishira ahabona amabanga Wikileaks gisohoreye ivyo vyegeranyo.

Murivyo vyegeranyo bivugwa ko CIA yatunganije uburyo bwo kwumviriza ivyo abantu baganira canke bakora kuri telefone ngendanwa ndetse no ku mbonerakure (TV) zo mu bwoko bwa "smart".

Ku munsi wa kabiri, CIA, FBI na White House baranse kugira ico bavuze, niba ivyo vyegeranyo vyashizwe ahabona na Wikileaks ari canke atari ivy'ukuri.

Umuvugizi wa CIA yabwiye BBC ku munsi wa gatatu ati: "Abanyamerika bogwa mu gahundwe bumvise ko Wikileaks ishobora gusohora ibintu vyerekana ko ibigo vy'iperereza vy'igihugu bitagishoboye gukingira Amerika ku boyitera nk'imirwi y'iterabwoba canke kubo batumvikana.

"Ivyo vyegeranyo vyasohowe bishira mu kangaratete abakozi ba Amerika hamwe n'ibisata bitandukanye ariko kandi bigafasha abatugwanya mu kubaha amakuru yotuma badukorera inabi."

Ku munsi wa gatatu, abategetsi ba Amerika-batashatse ko amazina yabo aja ahabona-babwiye ibigo vy'itangazamakuru vya Amerika ko itohoza ririko rirakogwa rifise intego yo kumenya ukuntu Wikileaks yaronse ivyo vyegeranyo.

Iryo tohoza ryipfuza kandi kumenya niba ayo mabanga yavuye mu bakozi ba CIA canke yavuye hanze, niko abo bategetsi babandanije bavuga.

Ibigo bikora ibikoresho bivugwa ko vyafashije mu kwabura vyaragize ico bivuga kuri ubwo bugizi bwa nabi ku munsi wa gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption CIA ngo yarabuye iciye no muri telefone ngendanwa

Ikigo gikora telefone zo mu bwoko bwa iPhone, Apple, kivuga ko kimaze kumenya ingene gikingira abakiriya baco kwabugwa.

"Ubuhinga twisunga dukora iPhone nshasha bufasha gukingira cane abakiriya bacu, kandi tubandanya tubikora mur'ubwo buryo," niko cavuze.

Ikigo gihingura imbonerakure Samsung - izo mu bwoko F8000 zivugwa ko zoba zirabwa n'ico kibazo- cavuze ko "gukingira abakiriya" hamwe n'ugukora ibidandazwa bitamenwa n'ababura biri mu vya mbere twitwararika muri Samsung".

Muri ivyo vyegeranyo vyashizwe ku mugaragaro, bivugwa ko CIA yabuye iciye no muri za "ordinateurs" zikogwa n'ikigo Microsoft.

Ikigo "World Wide Web Foundation"-giharanira gukingira amabanga aca ku rubuga ngurukanabumenyi- cavuze ko ubutegetsi bwa Amerika bukwiye gutanga inyishu irambuye kuri ubwo bugizi bwa nabi.