Abantu batanu bahitanywe n'igihuhusi muri Madagascar

Uwo muyaga w'igihuhusi urimwo imvura wateye igihugu ca Madagascar ku munsi wa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwo muyaga w'igihuhusi urimwo imvura wateye igihugu ca Madagascar ku munsi wa kabiri

Ubutegetsi bwa Madagascar bwamenyesheje ko abantu batanu aribo bazwi ko bapfuye, inyuma yaho umuyaga w'igihuhusi urimwo n'imvura utereye mu buraruko bushira ubuseruko bw'iryo zinga ku munsi wa kabiri.

Buvuga ko abantu 10 000 vyabaye ngombwa ko bahunga bagata amazu yabo bitewe n'ivyo ico gihuhusi Enawo cariko kironona.

Ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu vyavuze ko n'umuyagankuba watandukiwe mu turere tumwe tumwe.

Ibigo bifasha gutabara vyamaze kuburira abanyagihugu bivuga ko hashobora kuba imyuzure, yoshika no ku murwa mukuru Antananarive.

Ico gihuhusi cungururije mu bumanuko kandi inguvu zaco zagabanutse.

Abagiraneza bariko baratanga imfashanyo zirimwo amahema y'uburaro, amazi hamwe n'ibindi bikoresho vya ngombwa ku bantu bakozweko n'iyo mpanuka.