Nigeria yugaye ikibuga c'indege ca Abuja

Gutura indege ku kibuga ca Abuja vyatera ingorane kubera ikibuga kitaringaniye
Image caption Gutura indege ku kibuga ca Abuja vyatera ingorane kubera ikibuga kitaringaniye

Ubutegetsi bwa Nigeria bwugaye ikibuga c'indege gikuru ca Abuja ku kiringo c'indwi zitandatu kugira ngo gishobore gusubirwamwo.

Bino bibaye mu gihe amashirahamwe y'indege akorera muri ico gihugu aheruka kuvuga ko agiye guhagarika kujayo kukwirinda amasanganya yotegwa n'aho ziturira.

Kuva ubu indege zija i Abuja zisabwa kwururukiriza abantu ku kibuga c'indege c'i Kaduna, ku birometero 190 mu buraruko bw'igisagara.

Izindi ndege zose zanse guturira kuri ico kibuga kiretse iz'ishirahamwe rimwe.

Indege za "Ethiopian Airlines" nizo zonyene zemeye kuja i Kaduna, hamaze igihe hanyururizwa abantu.

Leta yuguruye ikibanza ku rubuga ngurukanabumenyi aho isigura ivy'iyugara ry'ico kibuga c'indege ca Abuja ariko ikereka ingenzi aho zishobora guca zikaronka amatike ya gusa, abafasha gushika i Abuja batwawe na bisi.

"Ikibuga indege ziturako carononekaye ku buryo gikwiye gusubirwamwo cose," niko leta yavuze.

"Bino ntibishobora gukogwa mw'ijoro. Ikindi nuko ico kibuga cagumye gisanugwa mw'ijoro imyaka myinshi ariko hashitse igihe ubwo buryo butagikwiye."