Ikirengeti catumye indege yo muri Hawaii ihindura inzira

Igipoilisi co ku kibuga c'indege ca Los Angeles cavuze ko ata caha cakozwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipoilisi co ku kibuga c'indege ca Los Angeles cavuze ko ata caha cakozwe

Indege y'ishirahamwe Hawaiian Airlines yava i Las Vegas ija Honolulu ku murwa mukuru wa Hawaii yagiye kugwa ku kindi kibuga c'indege kubera ikibazo c'ikirengeti.

Umuntu yari muriyo ndege yasavye ko yokwifuka kuberako yumva akanye, munyuma agwa mu gahundwe abwiwe ngo nabanze gutanga $12.

Igipolisi kivuga ko uwo mugabo, afise imyaka 66, yoba yavuze ati "numva nofata umuntu nkamutwara mw'ishamba kubera ivyo," umudereva w'indege yumvise ayo majambo ateye ubwoba munyuma asaba ko indege yokwururukira i Los Angeles.

Nta caha cakozwe, niko igipolisi cabandanije kivuga.

Uwo mugabo yasavye ngo avugane n'abarongoye iryo shirahamwe ry'indege, asigura ko bitari bikwiye ko ariha ubwo burengeti kuberako hari hakanye, niko ikinyamakuru LA times canditse.

Yaciye ava muri iyo ndege ageze i Los Angeles, munyuma afata iyindi, niko Rob Pedregon, umuvugizi w'igipolisi gikorera ku kibuga c'indege ca Los Angeles yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

"Murazi, iyo mba nari muriyo ndege nari kumurihira ayo mahera $12," niko yabandanije avuga.