Uburundi bwabaye ubwa mbere muri Judo mu karere

Abo n'abakinyi ba Judo batahukanye ibikombe i Bujumbura isaha zitandatu z'ijoro ku munsi wa gatatu
Image caption Abo n'abakinyi ba Judo batahukanye ibikombe i Bujumbura isaha zitandatu z'ijoro ku munsi wa gatatu

Umurwi nserukira gihugu w'u Burundi mu rukino rwa Judo, waraye utahukanye ikibanza ca mbere, mw'ihiganwa rya 11 ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko ryabereye i Zanzibar muri Tanzania.

Muri iryo higanwa ryatunganijwe ku ma tariki ya 4 na 5, ukwezi kwa gatatu, uwo mugwi w'u Burundi watahukanye imidari 6 y'inzahabu, 5 y'ifeza hamwe n'7 y'umujumpu.

Umumenyereza w'umurwi Karabagega Patherne avuga ko imidari y'inzahabu ariyo yatumye utsinda.

"Ntivyari vyoroshe kuko twahuye n'abantu bagiriye imyimenyerezo mu mahanga cane cane nk'umugwi wa Zanzibar bamwe muri bo bari bamaze amezi 6 bariko barimenyereza mu bu Yapani, mugabo twarashoboye kubasumvya", niko Patherne abisigura.

"Twabaye aba mbere ku midare y'inzahabu 6 hakurikira Kenya ku midare 5, Zanzibar baronse imidari 2 hama Tanzaniya umudari umwe", nikwo abandanya abisigura.

Uruhara rw'abigeme muri iyo ntsinzi rwabaye runini cane nubwo benshi muri bo ryari irya mbere baja mw'ihiganwa nk'iryo.

Umumenyereza wabo Harerimana Mireille avuga ko bakoze bigashimwa.

"Bari bashasha kandi ntibari bamenyereye inkino zo muri afrika y'ubuseruko, ariko bavyifashemwo neza mbere imidari myishi yabaye iy'abakobwa kuko baronse 4", nikwo Mireille avuga.

"Ikindi cerekana ko bigenjeje neza nuko bahuye n'imigwi y'abigeme b'abasirikare n'abapolisi bo mu karere ariko barashoboye kubatwara imidari nka yose", ukwo nikwo Mireille abandanya abivuga.

Ihiganwa ryatanguye mu mpera z'indwi iheze rikaba ryahuje ibihugu bitanu bigize akarere ka afrika y 'ubuseruko, u Burundi, u Rwanda, Kenya, Tanzania na Uganda.

Bubaye ubugira 7 uburundi butwara ico kibanza bwikurikiranya.