Umugore aremereye cane aragabanywa ibiro mu Buhindi

Eman Ahmed Abd El Aty inyuma yaho abagiwe Uwufise ububasha kw’isanamu SAIFEE HOSPITAL
Image caption Eman Ahmed Abd El Aty inyuma yaho abagiwe

Umugore aremereye cane, 500kg, aturuka mu gihugu ca Misiri, ariko aragabanywa ibiro mu gihugu c'u Buhindi.

Umuvugizi w'ibitaro Saifee vy'i Mumbai yavuze ko Eman Ahmed Abd El Aty, w'imyaka 36, amaze guta 100kg kuva igihe ashikiye mu Buhindi mu kwezi kwa mbere.

"Turiko turagerageza ngo amere neza asubire mu Misiri vuba bishoboka," niko ibitaro bivuga mu itangazo.

Umuryango wiwe uvuga ko atigeze ava mu nzu imyaka 25, ko yasohotse aja mu Buhindi mu ndege irinze gukoteshwa.

Umuvugizi w'ibitaro yabwiye BBC ko ashobora kubandanya ata ibindi biro mu mezi ari imbere.

Yabazwe n'umurwi w'abaganga barongowe n'umuhinga mu vyo kubaga abantu banini cane "bariatric surgeon", Dr Muffazal Lakdawala.

"Bariatric surgery", ikoreshwa nk'uburyo bwa nyuma mu kubaga abantu babangamiwe no kuba banini birenze urugero.