Abapolisi babiri bo muri Nigeria bakatiwe kunyongwa

Abo bantu batandatu bishwe mu kwezi kwa gatandatu 2005
Image caption Abo bantu batandatu bishwe mu kwezi kwa gatandatu 2005

Abapolisi babiri bo muri Nigeria bakatiwe igihano co kwicwa banyonzwe bagiriwe n'icaha co kuba barazimanganije ubuzima bw'abanyagihugu, ivyaha bimaze imyaka 12.

Abo bagabo babiri bahora bakora mu rwego rw'igipolisi, bakatiwe igihano c'urupfu inyuma yaho basanze bishe abasivile batandatu mu 2005.

Urupfu rw'abantu bashizwe mu murwi "Apo Six" rwavuzwe cane bitewe nuko igipolisi cagumye kirondera gufukafuka ubwo bwicanyi, kivuga ko abapfuye ari ibisuma vyari bifise ibigwanisho kandi ko ari vyo vyatanguye kurasa.

Umurwi ukora itohoza wagenywe na prezida yahahora Olusegun Obasanjo, warahakanye ivyavugwa n'igipolisi munyuma leta irasaba ikigongwe kur'ubwo bwicanyi.

Ezekiel Achejene na Emmanuel Baba nibo bagiwe n'icaha ariko abandi bapolisi batatu, Danjuma Ibrahim, Nicholas Zakaria na Sadiq Salami bararekugwa, nkuko ikinyamakuru Punch cabisohoye.