Sentare yakuye mu mabanga prezida Park Geun-hye wa Korea yepfo

Umupfasoni Park yari yarakuweko ubudahangagwa, yashobora gukurikiranwa n'amategeko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umupfasoni Park yari yarakuweko ubudahangagwa, yashobora gukurikiranwa n'amategeko

Prezida wa Korea yepfo Park Geun-hye abaye umukuru w'igihugu wa mbere mu bitorewe n'abanyagihugu akuwe ku nguvu mu mabanga.

Abacamanza bose bashigikiye ingingo yemejwe n'inama nshingamateka yo gukurikirana umukenyezi Park yagirizwa ibiturire bivugwamwo na somambike wiwe, Choi Soon-sil.

Muri kino gihe yataye ubudahangagwa yahabwa no kuba umukuru w'igihugu, akaba ashobora gufatigwa ibihano.

Hari abantu bafashwe n'agashavu hanze ya sentare, igipolisi kikaba cavuze ko abantu babiri mu bagumuka bapfuye.

Sentare yafashe ino ngingo inyuma y'uruhagarara rwa politike rumaze amezi, ruvanze n'imigumuko y'abanyagihugu.

Nkuko amategeko avuga, amatora y'uwundi mukuru w'igihugu ategerezwa kuba yatunganijwe mu minsi 60.

Ibiro vy'umukenyezi Park vyamenyesheje ko adashobora kuva mu biro Blue House, ikirimba c'umukuru w'igihugu wa Korea yepfo, kuri uno wa gatanu canke ngo agire ico ashikirije.

Uwamusubiriye vy'agateganyo, Prezida Hwang Kyo-ahn, yasavye abanyagihugu na leta gutekana, ngo ishobore guhwamika indyane zokwaduka kubera ivyahindutse.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umupfasoni Choi (hagati) yagirizwa ibiturire no kunyuruza umutungo w'igihugu

Umuntu avugwa muri urwo rubanza ni somambike w'umukuru w'igihugu, umupfasoni Choi.

Choi akurikiranwa ku kuba yitwaje ubucuti afitaniye na prezida, akabukoresha mu kugondoza amashirahamwe guha ingabire y'amamiliyoni y'amadolari ibigo agenzura.

Umukenyezi Park avugwa ko yivanze muri ubwo bunyonyozi yongera arekurira Choi gushikira amabanga amwamwe y'igihugu.

Sentare yavuze ko yarenze amategeko mu kwemerera Choi kwinjira mu mabanga y'igihugu.