Prezida Buhari yagarutse muri Nigeria avuye kwivuza

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari yasubiye mu gihugu inyuma y'amayinga indwi yaramaze mu gihugu c'Ubwongereza ariko arivuza hakavugwa menshi ku bijanye n'amagara yiwe.

Uwo mugabo w'imyaka 74, yagiye mu Bwongereza atwawe n'indege ya gisirikare igurukiye i Kaduna, muri kino gihe yashitse ku murwa mukuru Abuja.

Yavuye muri Nigeria itariki 19 z'ukwezi kwa mbere, akaba yaramaze iminsi asuzumwa mu gisagara ca Londres.

Nta vyinshi biravugwa ku magara yiwe, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ikaba yari imaze igihe isaba insiguro zirambuye.

Mu butumwa bwa Twitter bwarungitswe n'umufasha wiwe Bashir Ahmad, prezida yavuze ngo: "Ndanezerewe kubona ngarutse, ubu niyumva neza kurusha."

Bwana Buhari yarinze guca ku kibuga c'indege c'i Kaduna, mu gihe ico ku mugwa mukuru cugaye, gisubirwamwo. Yaciye ajanwa na kajugujugu i Abuja.