Ubutegetsi bwa Myanmar ngo burahohotera inkehwa z'aba Islamu

Abantu ba Rohingya ni inkehwa z'aba Islamu baba i Myanmar
Image caption Abantu ba Rohingya ni inkehwa z'aba Islamu baba i Myanmar

Umukozi akomeye wo mu muryango mpuzamakungu Onu yavuze ko igisirikare n'igipolisi bakora "ivyaha vyibasira kiremwa muntu" ku nkehwa z'aba Islamu ba Rohingya muri Myanmar.

Umukozi wa Onu, Yanghee Lee, akurikirana ibibazo bijanye n'agateka ka kiremwa muntu, yavuganye na BBC, mu gihe umukuru w'igihugu ca Myanmar Aung San Suu Kyi amaze umwaka ku butegetsi, yanse gutanga ikiganiro.

Umuvugizi w'umugambwe wiwe yavuze ko abashikirije ibirego bashikuje, ko ico kibazo kiraba igihugu, ko kidakwiye kuduzwa ku rwego mpuzamakungu.

Umupfasoni Lee ntiyemerewe kuja mu karere izo ndyane zivugwamwo, ariko amaze kuganira n'impunzi ziri i Bangladesh, yabwiye BBC ko ibintu vyifashe nabi cane kurusha ukwo umuntu yabitegekanya.

"Novuga ko hari ivyaha vyibasira kiremwa muntu. Ivyaha vyibasira kiremwa muntu vyosigugwa...bikogwa n'ubutegetsi bwa Burma, igisirikare ca Myanmar, abacunga imbibe, igipolisi canke inteko z'umutekano."

Avuga ko ayo mabi ari ayasanzwe akogwa n'ingabo z'umutekano za Burma ariko ko umukuru w'igihugu yatowe , Aung San Suu Kyi, akwiye kubibazwa.

"Impera n'imperuka ni leta izokwishura ku bibazo bijanye n'ihohotera n'ayandi mabi agayitse yakorewe abenegihugu."

Abantu barenga 70 000 ba Rohingya - umuryango w'inkehwa z'aba Islamu baba Myanmar - bahungiye i Bangladesh mu mezi make arangiye inyuma yaho abagwanyi babo bataniye mu mitwe n'igisirikare mu kwezi kw'icumi, munyuma bagatangura guhigwa buhongo.