Isanganya ry'indege ryishe batanu muri Turukiya

Ibimanyu vya kajugujugu vyaguye mw'ibarabara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibimanyu vya kajugujugu vyaguye mw'ibarabara

Niburiburi abantu batanu bapfuye inyuma yaho kajugujugu ihanukiye mu bwinjiriro bw'igisagara ca Istanbul, isetse umunara wa televiziyo kubera igipfungu.

Kajugujugu yo mu bwoko bwa "Sikorsky" y'ishirahamwe ryo muri Turukiya, yari itwaye abantu indwi barimwo abashitsi bane b'abarusiya hamwe n'umutegetsi w'umu Turukiya.

Yaguye mw'ibarabara rikuru rya komine ya Buyukcekmece imaze umwanya igurutse ku kibuga c'indege ca Ataturk, niko buramatari Vasip Sahin yavuze.

Itohoza ryo kumenya icatumye iyo ndege ihanuka ryatanguye, niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ababonye ivy'iyo mpanuka bavuze ko iyo ndege yasetse umunara wa televiziyo

Umushoferi wa tagisi Fikret Karatekin, yabwiye ikigo ca televiziyo ko iyo kajugujugu yasetse umunara wahora ukoreshwa n'imbonerakure, muri kino gihe urimwo ubunywero mw'isonga ryawo.

Ubutegetsi bwa Turukiya bwiyumvira kw'iyo mpanuka yoba yaturutse ku vyuma bidakora neza, niko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryavuze.