Umugabo yajabutse ibahari atlantique ku rubaho

Chris yaragize akamwemwe arangije urwo rugendo rwo mu mazi Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Chris yaragize akamwemwe arangije urwo rugendo rwo mu mazi

Umugabo wo muri Afrika yepfo yashizwe ku rutonde rw'abantu bamaze kujabuka ibahari Atlantique ku bwato butambitse nk'urubaho "paddle board".

Chris Bertish, imyaka 42, yagenze 6,517km wenyene ata n'ubundi bwato bwomufasha bumuri iruhande.

Yagiye yitwaje ivyo yokenera vyose muri urwo rugendo, kenshi akaba yagenda ahagaze.

Bwana Bertish yashitse i Antigua, mu mazinga ya Caraibes, isaha 08.32 (12.32 GMT) ku munsi wa kane avuye Agadir muri Maroc, inyuma y'iminsi 93.

Yasanganiwe n'abantu benshi afise akamwemwe naho yatakaje 9kg.