Umurundo w'ibishingwe wishe abantu 15 i Addis Ababa

Aha hantu hamaze imyaka igera kuri 50 hamenwa imyanda. Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aha hantu hamaze imyaka igera kuri 50 hamenwa imyanda.

Abategetsi baravuga ko abantu 15 bishwe n'umurundo w'ibishingwe byaguye mu nkengero z'umurwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Ababa.

Baravuga ko abantu babrirwa muri mirongo bakiburiwe irengero kuva ku wa Gatandatu nijoro ahamenwa imyanda hitwa Koshe. Biravugwa ko hari hari abantu bagera ku 150.

Ubu amazu yubatse ku buryo bw'amanegeka yarengewe n'ibishingwe.

Aha hantu hamaze imyaka igera kuri 50 hamenwa imyanda.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu benshi bateraniye ahabereye impanuka bunamira ababo batikiye.

Umuturage uba hafi aho yabwiye ibiro ntaramakuur AP ko inzu yabo yamizwe n'umurundo w'imyanda.

Yagize ati:

Mama na batatu muri bashiki banjye bari bari mu nzu igihe yarengerwaga. Ubu sinzi uko byabagendekeye."

Abantu benshi barimo bashaka utwo kurya mu myanda, ndetse bamwe bari banahatuye.

Abategetsi bari bamaze igihe bubaka izingiro ry'ahazakusanyirizwa imyanda muri Afurika ikabyazwa ingufu z'amashanyarazi.

Bateganya gutwika imyanda yo mu murwa mukuru utuwe na miliyoni zigereranywa kuba enye ikavanwamo amashanyarazi.