48 nibo bamaze kwicwa n'ikirundo c'iyarara muri Ethiopia

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umwavu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umwavu

Niburiburi abantu 48 nibo bapfuye baguweko n'ikirundo c'umucafu mu gace kubatswemwo inzu z'utururi ku nkengera y'umurwa mukuru Addis Ababa muri Ethiopia, niko ubutegetsi bwavuze.

Buvuga ko hari abantu benshi bakibura kuva aho uwo musozi w'umucafu ubagwiriyeko ku munsi wa gatandatu mw'ijoro. Umunyagihugu wo muri ako gace avuga ko hari abantu 150 ico gihe.

Utururi tutazwi igitigiri twarahambwe twururukiweko n'uwo mucafu.

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umucafu.

Umuvugizi w'ubutegetsi bw'igisagara yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AP, ko mu bapfuye harimwo abana benshi kandi ko igitigiri c'abahasize ubuzima gishobora kubandanya ciyongera.

Umunyagihugu aba aho hantu, Tebeju Asres yavuze ko inzu yabo yamizwe n'ico gihomoka c'umucafu.

"Mama hamwe na bashiki banje batatu niho bari igihe c'ico gihomoka. Ubu sinzi ivyabo," niko yabwiye AP.

Hari abantu baharugwa mu majana batunzwe n'ugucukura muri iryo yarara barondera ivyo bokurayo ngo bagurishe, niko umumenyeshamakuru wa BBC i Addis Ababa Emmanuel Igunza yavuze.

Hari n'abantu bibera kuri uwo musozi w'umucafu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu bari mu kababaro bari muri icp kibanza bashaka kumenya amakuru y'ababo

Abantu benshi ntibaramenya irengero ry'ababo, bakaba bari mu kababro kanini.

Ubutegetsi bufise umugambi wo kuvyaza umuyagankuba bubanje guturira uwo mucafu uva mu vyo abantu imiliyoni 4 baba mu gisagara bata.