Amerika ntiyumvikanye n'Ubushinwa ku nyifato ya Korea ya ruguru

Korea ya ruguru imaze iminsi igeragereza ibigwanisho mu karere k'Ubuyapani Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Korea ya ruguru imaze iminsi igeragereza ibigwanisho mu karere k'Ubuyapani

Amerika yanse ivyo Ubushinwa busaba ko Korea ya ruguru yohagarika igerageza ry'ibigwanisho aruko Amerika nayo ihagaritse imyimenyerezo ya gisirikare mu karere.

Amerika ivuga ko ivyo Ubushinwa buhanura "bidafashe" mu gihe uwuyiserukira muri Onu avuga ko ivyo Korea ya ruguru ikora "bidasobanutse".

Ubushinwa busaba ivyo inyuma yaho Korea ya ruguru igeragereje "missiles" zine, igahonyanga ibihano yafatiwe n'amakungu.

Hagataho Amerika iriko iratunganya uburyo bwo kwikingira ibitero vya "missile" muri Korea yepfo.

Irabandanya imyimenyerezo ya gisirikare ikorana n'igisirikare ca Korea yepfo, ibabaza Korea ya ruguru.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu Wang Yi yavuze ku munsi wa gatatu ko ikibazo c'umutekano mu karere k'amazinga ya Korea cogereranywa "na gariyamoshi zibiri zigenda zija guhura zadugije umurindi, munyuma hakabura iyokwipfuza kubisa iyindi".

Avuga ko guhagarika ibikogwa vya gisirikare ku mpande zose yoba intambwe ya mbere mu ntumbero yo kurangiza uruhagarara munyuma hakugurugwa ibiganiro, niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwuserukira Amerika muri Onu Nikki Haley avuga ko ivyo Korea ya ruguru ikora bitumvikana

Umuvugizi mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika n'amakungu Mark Toner , avuga ko bisa n'ukugereranya "pommes n'imicungwe".

"Ivyo dukora mu migenderanire yo kwivuna umwansi na Korea yepfo ntawobigereranya n'ingene Korea ya ruguru ihonyanga ku mugaragaro amategeko mpuzamakungu."

Avuga ko Amerika ikwiye kuraba ukundi kuntu ikika ivy'ikibazo ca Korea ya ruguru.

"Utwigoro twose twafashe ngo tugondoze Korea ya ruguru ngo ize mu biganiro ntaho twashitse, mvugishije ukuri," niko yavuze.

"Kurivyo, birakenewe ko twiga ubundi buryo bwotuma babitegera kandi ni ku nyungu zabo."