2016, umwaka hapfuyemwo abana benshi muri Syria

Abana benshi barapfuye kubera ingwano mu 2016 kurusha mu myaka itanu irangiye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana benshi barapfuye kubera ingwano mu 2016 kurusha mu myaka itanu irangiye

Mu 2016 igitigiri c'abana bapfuye kubera ingwano muri Syria, cagiye kw'isonga ugereranije no mu yindi myaka, niko ikigo citaho ibibazo vy'abana muri Onu cavuze.

Niburiburi abana 652 barapfuye mu mwaka uheze - 255 mu mashule canke hafi yayo- ico gitigiri kiduga 20% ugereranije n'abapfuye mu 2015, niko ikigo Unicef cavuze.

Ico gitigiri ni ic'abana bashoboye kumenyekana, bisigura ko gishobora kuba kiri hejuru. of them in or near a school - last year, a 20% jump from the number killed during 2015, Unicef said.

Unicef yemeza ko abana barenga 850 binjijwe mu migwi y'abagwanyi mu 2016.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abana imiliyoni zitandatu bakeneye imfashanyo kubera iyo ngwano imaze imyaka itandatu

Ico gitigiri cikuvye kabiri ico mu 2015, niko icegeranyo kivuga. Abinjijwe muri iyo migwi basanga bajanywe kugwana, bagakoreshwa mu bikogwa vyo kwica, mu bwiyahuzi canke gucungera amabohero.

"Urugero rw'ububabare bafise ntiburigera buboneka," niko Geert Cappelaere, arongoye Unicef mu karere k'ubuseruko bwa hagati no mu buraruko bwa Afrika yavuze.

"Imiliyoni z'abana muri Syria barategwa ku munsi, ubuzima bwabo buri hasi."

Haraheze imyaka itandatu imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Bashar al-Assad itanguye muri Syria.Six years ago this week, the first protests against Bashar al-Assad's rule began in Syria. The protests led to a violent crackdown and then civil war.