Ikibombe kiri mu modoka cishe 5 muri Somalia

Al-Shabab iri mu ntambara na reta ishigikiwe n'amakungu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabab iri mu ntambara na reta ishigikiwe n'amakungu

Ikibombe caturikiye mu modoka ku ibarabara riri iruhande y'ihoteli, cishe abantu batanu, abandi benshi barakomereka, nkuko igipolisi ca Mogadishio cabishikirije.

Nta murwi n'umwe uremanga ico gitero ariko umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al Shabaab wama wagavye ibitero ku mahoteli mu gisagara ca Mogadishio.

Mu kwezi kwa mbere abagwanyi b'uwo mugwi bakaba bishe abantu 28.

Bino bibaye haheze umwanya igipolisi kirashe imidoko yo mu bwoko bwa minibus yanse guhagarara ku bariyeri.

Uwo muduga wasambutse, umushoferi aracikana.