Man Utd irabuze abasatiriza ihura na Chelsea muri FA Cup

Wayne Rooney ni umwe mu bakinyi umunani bakunze kwinjiza muri rino higanwa rya FA Cup Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Wayne Rooney ni umwe mu bakinyi umunani bakunze kwinjiza muri rino higanwa rya FA Cup

Umurwi Manchester United ukina ica kane ca FA Cup udafise abasitirizi bamenyerewe nka Wayne Rooney na Zlatan Ibrahimovic, mu gihe Chelsea bahura ukwije abakinyi bose.

Rooney yasekanye na Phil Jones bariko barimenyereza, aca akomereka ukuguru.

Uwundi mukinyi w'imbere Zlatan Ibrahimovic nawe nyene ntakina kubera igihano arimwo co kutazokina inkino zitatu zikurikirana, mu kuba yasetse inkokora umukinyi Tyrone Mings wo mu murwi Bournemouth.

Abandi bakinyi b'imbere Anthony Martial na Marcus Rashford nabo nyene ntibaja gukina kubera ko bagwaye.

Ku rundi ruhande umumenyereza Antonio Conte wa Chelsea arakwije abakinyi biwe bose.

Vyari vyitezwe ko Rooney, imyaka 31, yokinye mu kuba atagiye gukina mu Burusiya bahura FC Rostov.

Abamenyereza bavuga iki?

Antonio Conte wa Chelsea yagize ati: "Mu kwezi kw'icumi, imbere yuko dukina (urukino Chelsea yatsinze 4-0), nari nzi ko ngiye guhura n'umurwi ukomeye. Nubu nico kimwe. Manchester United hamwe na City, bafise abakinyi beza cane muri rino higanwa.

"Twifashe neza, twerekana umupira mwiza, ariko ruzoba ari urukino rukomeye duhura n'umurwi mwiza.

"Nibaza ko tuja gutsinda ariko ni ukuvyerekana ku kibuga si mu majambo. Bikenewe ku kibuga. Urukino turuvugira ku kibuga si imbere yuko ruba. Nipfuza gushimikira cane ku rukino no ku bakinyi kuvyo baza gukora."

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho nawe ati: "Ntidushobora kujana umurwi wa Nicky Butt (bisigura abakinyi bafise munsi y'imyaka 23 bamenyerezwa na Butt). Manchester United n'umurwi munini. Manchester United niyo ija giutsinda urwo rukino.

"Si amakosa ya Chelsea mu kuba twahawe runo rukino ku munsi wa mbere, dutegerezwa guhindura...ariko ntitwogenda Stamford Bridge n'abakinyi ba Nicky Butt."