Abakozi babiri ba Onu banyurujwe muri RD Congo

Ikarata ya RD Congo
Image caption Ikarata ya RD Congo

Abakozi babiri b'umuryango mpuzamakungu Onu banyurujwe muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntara ya Kasai ya hagati, niko leta yavuze.

Abo bantu ni abitwa Michael Sharp, aturuka muri Amerika, na Zaida Catalan wo mu gihugu ca Suede.

Bafatanywe n'abanye Congo bane hafi y'ikigwati ca Ngombe, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu.

Itangazo rya leta rivuga ko ababanyuruje bataramenyekana kandi ntiryamenyesheje n'igihe banyururijweko.