Ecosse ishaka kuvana n'Ubwongereza

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo yamenyesheje ko afise intego yo gukoresha amatora kamarampaka yotuma bavana n'Ubwongereza.

Yabwiye ibigo vy'itangazamakuru i Edinburgh ko hari ivyashitsweko, kuva inyuma y'amatora yatunganijwe mu myaka itatu iheze, igihe abanyagihugu ba Ecosse bahitamwo ko ico gihugu kiguma ciyunze kuri Bretagne.

Umupfasoni Sturgeon yavuze ko niba Ecosse yipfuza guhitamwo neza, amatora kamarampaka akwiye gukogwa mu 2019, igihe ukuva kwa Bretagne mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya kuzoba kwagiye ahabona.

Amwishura, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May, yagirije umupfasoni Sturgeo "kurabira mu muringoti", ko ayandi matora kamarampaka azotuma igihugu kigwa mu vyo kitazi, abanyagihugu nabo bagacanamwo.