Imiliyoni z'abanyamerika zigiye kwivuza bigoranye kuva mu 2018

Umu républicain w'umuvugizi w'inama nshingamateka Paul Ryan yavuze ko intego y'iryo tegeko rijanye n'ubuvuzi ari ukugabanya amahera umuntu yatanga Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umu républicain w'umuvugizi w'inama nshingamateka Paul Ryan yavuze ko intego y'iryo tegeko rijanye n'ubuvuzi ari ukugabanya amahera umuntu yatanga

Abantu baharugwa ku miliyoni 14 bagiye guhagarikwa kwivuza ku buryo bworoshe bakoresha "assurance" kuva mu 2018 igihe itegeko ry'aba républicains ku bijanye n'amagara rizoba ritanguye kuja mu ngiro, niko abakurikirana ukuntu amahera y'igihugu akoreshwa bavuze.

Uwo mugambi w'iryo tegeko rishasha warasuzumwe n'akagwi kajejwe amahera igihugu gikoresha k'inama nshingamateka (CBO), kagizwe n'abanonosoye ivy'ubutunzi.

CBO ivuga ko abantu badafise "assurance" baziyongera bagashika ku miliyoni 24 mu 2026.

Iryo tegeko rishasha ngo rizogabanya amahera igihugu capoteza ku miliyardi $337bn ku kiringo c'imyaka cumi, niko ico cegeranyo kivuga.

Ayo mahera azoziganywa niyo ashobora gutuma abashingamateka b'aba Républicains bagondoza abanyagihugu kuri iryo tegeko rishasha- rizwi kw'iizina "American Health Care Act" (AHCA)

Uwo mugambi ushigikiwe na prezida Donald Trump niwo ugiye gusubirira itegeko rya prezida yahahora Barack Obama rizwi ku izina rya Obamacare.