Ubwato bwanyurujwe ku nkengera ya Somalia

Ubwato bwanyurujwe bwaja Mogadishio Uwufise ububasha kw’isanamu MOHAMED DEEQ - SBC
Image caption Ubwato bwanyurujwe bwaja Mogadishio

Ubwato butwara ibitoro bwanyurujwe n'ivyihevyi vyo mu mazi ku nkengera z'igihugu ca Somalia, ubugizi bwa nabi nka mwenubwo bukaba bwaheruka mu myaka itanu, niko amakuru ava muri ako karere avuga.

Ubwo bwato bwararungitse ubutumwa ku munsi wa mbere ku mugoroba buvuga ko hari amato yiruka cane ariko arabwegera.

Abo bantu bafise ibigwanisho babwiye umutegetsi wo muri ako karere ko ari abarovyi, ko ibikoresho vyabo vyononywe n'abantu bari mu mato baroba ariko batabifitiye uruhusha.

Ubusuma bwo mu mazi bwari bwaragabanutse kuvaho abagenzura ibahari baturuka mu bihugu vya Buraya bongerejwe.

Ubwo bwato bwari bufise ibendera yo mu gihugu ca Sri Lanka bwari buvuye muri Djibouti bugiye ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishio, munyuma burakatishwa bwerekezwa ku kivuko ca Alula mu ntara yikukiye ya Puntland.

Ali Shire Mohamud Osman, arongoye igisagara ca Alula, hafi yaho ubwo bwato bwajanywe, yabwiye BBC ko ariko aragerageza kumenya niba abo bantu bari bafise ibigwanisho ari abarovyi canke ivyihevyi vyo mu mazi.

"Abagabo bafise ubwo bwato bavuga ko ari abarovyi bakorewe amabi n'abaroba batabirekuriwe muri ako karere. Ni vyibonekeza ko ari ibisuma vyo mu mazi, nca ndabisaba bive ningoga muri ako karere, bidakunze duca turaba ingene dutabara ubwo bwato," niko yavuze.