Umuntu yafashwe ku rupfu rw'umwongereza Tristan Voorspuy

Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c'Ubwongereza imyaka itandatu Uwufise ububasha kw’isanamu OFFBEAT SAFARIS
Image caption Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c'Ubwongereza imyaka itandatu

Umuntu umwe yashikanywe muri sentare ku bijanye n'urupfu rw'umugabo w'umwongereza Tristan Voorspuy, yiciwe mu ntara ya Laikipia mu buraruko bw'igihugu ca Kenya.

Samson Lokayi, imyaka 40, yafashwe ku munsi wa Mungu.

Ntiyashoboye kwisigura bitewe nuko ata giswahili canke icongereza yumva, indimi zikoreshwa muri sentare.

Bwana Voorspuy, yatanguje ishirahamwe rikorera ku bakerarugendo "Offbeat Safaris" kandi yigeze gukora mu gisirikare c'Ubwongereza, yishwe itariki zitanu z'ukwezi kwa gatatu agenzura amahoteli yiwe.

Abungere nibo bakekwa kuba baramwishe.

Bamaze igihe boneshereza mu matongo y'abanyagihugu bitewe n'uruzuba rukaze rwa kino gihe.

Bwana Lokayi yitezwe gusubira muri sentare ku munsi wa kabiri.