Michael Essien agiye gukinira muri Indonesia

Michael Essien yahora akina muri Chelsea na Real Madrid Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Michael Essien yahora akina muri Chelsea na Real Madrid

Umukenyi wa kera wo hagati w'imirwi Chelsea na Real Madrid, yinjiye mu mugwi Persib Bandung wo mu gihugu ca Indonesia.

Uwo mugabo w'imyaka 34 yahevye umurwi Panathinaikos mu 2016, amaze igihe akinira Chelsea mu basubirizi, yateye igikumu ku masezerano y'akazi y'umwaka umwe.

Hari abakinyi benshi beza bakiniye mu gihugu ca Indonesia.

Mario Kempes na Roger Milla, basayanganye mu nkino z'igikombe c'isi yose mu 1978 no 1990, barakinye muri ico gihugu co kimwe na Lee Hendrie aturuka mu gihugu c'Ubwongereza.