Abagabo bakinisha ibitsina bagasesa imbuto bagiye guhanwa muri Amerika

Gukorora inda ni ikibazo kirimwo impari nyinshi muri Texas Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gukorora inda ni ikibazo kirimwo impari nyinshi muri Texas

Umunya politike w'umugore mu ntara ya Texas ari mu bagwanya ugukorora inda yatandukiriye abagabo, asaba ko abokinisha ibitsina vyabo mu ntumbero yo kurondera gusesa imbuto bokurikiranwa n'amategeko.

Itegeko Jessica Farrar ashigikira ariko bigoye ko rishigwa mu ngiro, ngo rifise intego imwe, gukingira abana bovuka ahariho hose, niko yavuze.

Asaba ko abagabo bosuka imbuto "ahandi hantu atari mu gitsina c'umugore canke ahandi hateguwe kubera impamvu z'ubuvuzi" ko bocibwa amande ya $100.

Umugabo arekuye intanga ziwe muri mwenubwo buryo "akwiye gufatwa ko yanse umwana yovutse".

Jessica Farrar, umushingamateka w'umu démocrate mu ntara ya Texas, yashikirije iyo nteguro y'itegeko 4260 mu ndwi iheze ariko arazi ko ritazigera ryemezwa.

Avuga ko iryo tegeko ryari rikwiye gufatwa ku rugero rumwe nk'igihe abagore bahitamwo kugumya canke gukuramwo inda.

Asaba abagore gushingurana icubahiro ibisigarira vy'inda zakorowe.