Ubufaransa: Itohoza kuri Francois Fillon

Gushika mu minsi iheze, Francois Fillon niwe yari umukandida yavugwa ko yotsinze amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gushika mu minsi iheze, Francois Fillon niwe yari umukandida yavugwa ko yotsinze amatora

Umufaransa w'umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu Francois Fillon agiye gukorwako itohoza kuvyo aregwa ko yanyuruje amahera y'igihugu, niko abashikirizamanza bavuze.

Uwo mugabo akurikiranwa kukuba yarishe ibihumbi vy'ama euros umuryango wiwe, ku kazi batigeze bakora.

Avuga ko ata kintu kibi yakoze ariko akaba yavuze mu minsi yahera ko yova mw'ihiganwa ry'umukuru w'igihugu, igihe yoba agiye gukorwako itohoza.

Gushika mu minsi iheze, niwe yari umukandida yotsinze amatora ategekanywa mu kwezi kwa kane n'ukwa gatanu.

Muri kino gihe ijunja ryiwe ryakorotse kubera abandi bakandida bakomeye barimwo Marine Le Pen na Emmanuel Macron.

Fillon azovyikuramwo gute?

Kuva ku munsi wa kabiri, Bwana Fillon, imyaka 63, agiye gukorwako itohoza ku vyo yikekwako, ko yategetse ko umugore wiwe Penelope ahembwa amahera y'akazi k'umufasha wo mu nama nshingamateka, akazi atigeze akora.

Atohozwako kandi ko yarishe abana biwe Marie na Charles igihe yari umukenguzamateka. Bwana Fillon yavuze ko abana biwe barishwe amahera nk'abahinga mu vy'amategeko ku buzi bakoze ariko nta numwe yarabifitiye urukaratasi rw'umutsindo ico gihe.

Kino ni igihe Francois Fillon atinya ariko yari asanzwe azi ko azocamwo, niko umumenyeshamakuru wa BBC, Hugh Schofiel yanditse avuga.

Ntazi ingene agiye kuvyikuramwo mu gihe uwo nyene Fillon ariwe yavuga imbere y'iyamamaza, ko bitumvikana ingene umuntu yoguma ari umukandida igihe yoba akurikiranwa n'amategeko.