Abaganga ba Kenya bahagaritse yegereyegere

Image caption Abaganga bari bamaze iminsi 100 muri yegereyegere basaba kwongegwa imishahara

Leta ya Kenya hamwe n'abaganga bamaze iminsi 100 muri yegereyegere bapfunditse amasezerano yo gusubira mu kazi.

Ino yegereyegere yatumye abantu bari hejuru y'igihumbi bapfa ku kubura ikibavura mu gihe abaganga barenga 2500 mu gihugu cose bari bahagaritse imirimo.

Ishirahamwe ry'abaganga rirongowe na Oroko Samuel hamwe n'umushikiranganji ajejwe ivy'ubuvuzi Cleopha Mailu nibo bashize umukono kuri ayo masezerano, bahagarikiwe n'abarongoye amadini.