Benjamin Natanyahu yamye mu rubanza

Netanyahu na Sara baje muri sentare bafatanye akaboko
Image caption Netanyahu n'umugore wiwe bashaka indishi ya $76,000

Benjamin Netanyahu, yahakanye imbere ya sentare ko umugore wiwe Sara, yoba yaramusohoye mu modokari bamaze gutata, nk'uko vyanditswe kuri Facebook n'umunyamakuru Igal Sarna.

Benjamin Netanyahu n'umugore wiwe barengutse muri sentare bafatanye amaboko, baje gutanga ivyemezo mu rubanza barezemwo umunyamakuru Igal Sarna.

Uwo munyamakuru, yanditse ku rubuga rwa Facebook ko Sara Netanyahu yategetse urukurikirane rw'imodokari zireruruye umushikiranganji wa mbere guhagarara mw'ibarabara riva Tel-Aviv rija i Yerusalemu, kuko ngo yashaka ko ava mu modokari.

Uyu munsi Netanyahu yabwiye sentare ko ivyo uwo munyamakuru yatangaje ari ibinyoma.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igal Sarna ahagarara ku vyo yanditse yemeza ko ari vyo

Aba banyacubahiro barondera indishi y'akababaro ingana na 76,000 vy'ama dorari ya Amerika hamwe no gusabwa imbabazi.

Uwo munyamakuru we ahagarara ku vyo yanditse, aho yemeje ko ari vyo kandi ari amakuru yo kwizigirwa.

Mu mwaka uheze, sentare ijejwe gutunganiriza abafise amatati mu kazi y'i Yerusalemu, yashinze ko Sara Netanyahu yatutse kandi akarakaza abakozi bo mu rugo rw'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu.