Ubwongereza bugiye kugwanya inzara muri Afrika y'ubuseruko

Sir Mo, umunonotsi yiruka 5000m, yavukiye mu gihugu ca Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sir Mo, umunonotsi yiruka 5000m, yavukiye mu gihugu ca Somalia

Sir Mo Farah hamwe n'amashirahamwe y'abagiraneza yo mu Bwongereza, bariko barakusanya imfashanyo yo kugwanya ikibazo c'inzara mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Sir Mo avuga ko bibabaje kwumva imiryango yishwe n'inzara, kubona abana babura indya n'amazi. Asaba abobishobora kwihutira gufasha.

Amashirahamwe y'abagiraneza aza yamaze gutangura kurondera uburyo bwo kugarukira ku miliyoni z'abantu bageramiwe.

Sir Mo, mu buto bwiwe, yarabaye mu duce dukunze kwadukamwo inzara muri Somalia.

Yagize ati: "Ka muvyeyi w'abana bane, birababaje kubona abana badafise indya canke amazi, zino ni ingorane abavyeyi bahura nazo muri kino gihe muri afrika y'ubuseruko.

"Uruzuba ni rwinshi bigatuma imiliyoni z'abana bashobora kwicwa n'inzara.

"Navukiye muri Somalia, birambabaza kwumva ingene imiryango imerewe nabi."

Sir Mo yashikirije ayo majambo ahejeje gutegwa iteka ryo kuba "ambassadeur" w'ishirahamwe "Save the Children", rimwe muri 13 yo mu Bwongereza yagiye hamwe ngo agwanye ibiza mu runani "Disasters Emergency Committee" (DEC).

Urunani DEC ruvuga ko imiliyoni 16 z'abanyagihugu muri Somalia, Kenya, Ethiopia na Sudani y'ubumanuko bakeneye imfungugwa, amazi hamwe n'imiti.

Leta y'Ubwongereza ivuga ko igiye gushikiriza amahera ya mbere yatanzwe n'abanyagihugu angana na miliyoni £5 (imiliyoni $6)

Mu kwezi guheze, ubutegetsi bwaravuze ku mugaragaro ko hari ikibazo c'inzara mu duce twa Sudani y'ubumanuko, inzara yadutse ubwa mbere muri ino myaka itandatu.

Ubutegetsi hamwe n'umuryango mpuzamakungu Onu bavuze ko abantu 100 000 bishwe n'inzara.

Muri Kenya, umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta yavuze ko uruzuba ruvugwa mu gihugu rwofatwa nk'ikiza, ishirahamwe ry'umusalaba utukura Croix Rouge rikavuga ko abantu imiliyoni 2.7 bageramiwe n'inzara.

Urwo ruzuba ruravugwa no mu gihugu ca Ethiopia.