Itangazamakuru rya Tanzania mu ngorane kubera amakuru y'ibinyoma

Prezida wa Tanzania John Magufuli
Image caption Prezida wa Tanzania John Magufuli

Ikigo c'itangazamakuru c'igihugu ca Tanzania, "Tanzania Broadcast Corporation" (TBC) cahagaritse mu mabanga abakozi icenda baco mu kuba bahitishije amakuru y'ibinyoma, Prezida Trump ahayagizamwo, John Magufuli.

Iyo nkuru yasohowe mu ndwi iheze, imenyesha ko Donald Trump yasavye abandi bakuru b'ibihugu ba Afrika gukurikiza akarorero ka Bwana Magufuli mu kugwanya abarya ibiturire kandi ko yamwise incungu ya Afrika.

Umuyobozi mukuru wa TBC (Ayub Chacha) yasavye ikigongwe, avuga ko iryo kosa ritari gushika iyo amategeko yo gutunganya inkuru akurikizwa.

Iyo nkuru y'ibinyoma isa naho yasohowe n'ikinyamakuru gishira amakuru yaco ku rubuga ngurukanabumenyi kiyakuye mu bindi bigo.