Abantu icenda bishwe mu ndyane z'amoko muri Kenya

Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya
Image caption Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Niburiburi abantu icenda bishwe mu makimbirane yabaye hagati y'umuryango w'aba pokot n'uw'aba Njemps mu ntara y'ikiyaya ca Rift mu gihugu ca Kenya, niko ubutegetsi bw'intara ya Baringo iri mu kiyaya ca Rift bwamenyeshe.

Umujenama wo mu ntara ya Baringo yavuze ko abanyagihugu bo mu muryango w'aba Njemps, wateye abo mu muryango w'aba Pokot urondera kwihora.

Peter Didi Loruk avuga ko ikibazo gituruka ku bitungwa ari co cama gikwega imvururu.

Muri kino gihe, abantu baharugwa mu majana bomotse bava muri ako karere aho uruzuba rutuma abungere bonesheraniriza bigakwega indyane.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe ubutegetsi bwatanguje umugambi wo kwaka ibigwanisho abo borozi.

Mu ntango ya kuno kwezi, icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, yategetse ko abo bose bitwaje ibigwanisho bofatwa nk'abansi, bakaraswa bakicwa.