HRW isaba itohoza ku gitero co ku kirimba c'umwami mu Buganda

Umwami wa Rwenzururu Wesley Mumbe
Image caption Umwami wa Rwenzururu Wesley Mumbere

Ikigo kigwanira agateka ka kiremwa muntu Human Rights Watch (HRW) casavye ko hokogwa itohoza ridafise aho ryegamiye ku gitero igipolisi ca Uganda cakoze ku kirimba c'umwami wa Rwenzururu.

HRW ivuga ko abantu barenga i50 barimwo abana bishwe muri ico gitero cakozwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, mu gisagara ca Kasese.

Igipolisi kivuga ko abantu 87 aribo bapfuye kandi ko bari mu bagwanyi b'ubwami bwa Rwenzururu, bwagirizwa gutanguza umurwi w'inyeshamba.

Umwami Charles Mumbere, yagirijwe kuba yarahemukiye igihugu.