Man Utd irakurikiranwa na FA

Manchester United mu rukino rwa FA Cup ihura n'umurwi Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Manchester United mu rukino rwa FA Cup ihura n'umurwi Chelsea

Umurwi Manchester United wo mu gihugu c'Ubwongereza warezwe n'ishirahamwe FA ko utashoboye kugenzura neza abakinyi bawo igihe c'urukino rw'igice c'ica kane rwo ku munsi wa gatandatu uhura na Chelsea.

Umuhagarikizi Michael Oliver yararengewe, akikuzwa n'abakinyi ba United inyuma yaho Ander Herrera aherewe ikarata itukura.

United yatsinzwe na Chelsea 1-0.

Itangazo rya FA rivuga ko United itegerezwa kuba yisiguye bitarenze isaha 12 zo mu Bwongereza.

Mu mategeko y'urukino rw'umupira w'amaguru, umukuru w'umurwi (capitaine) niwe asabwa kuvugana n'umuhagarikizi iyo hari ingorane iyariyo yose.

Utd ni yagigwa n'amakosa, ishobora gutangishwa amande.