Mark Rutte asa n'uwarushije abandi mu matora muri Hollande.

Mark Rutte ari imebre mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hari abibaza ko kubona amatora yitabiriwe cane vyafashe imigambwe imwe nk'uwa Mark Rutte

Ibiharuro vyavuye mu kubaza uko abantu batoye mu matora y'abashingamateka ya Hollande vyerekana ko umugambwe wa Liberal ugedera ku vyiyumviro vyo hagati na hagati, uza imbere.

Umugambwe DW wa Mark Rutte aharurigwa ko waronse intebe 31 kuri 150 zigize inama nshingamteka.

Umugambwe ugendera ku vyiyumvro vyo kurwanya aba Islamu, Freedom Party, userukiwe na Geert Wilders, bisa n'aho utaronse amajwi menshi nk'ayari yitezwe,

Ushobora gusangira ikibanza ca kabiri n'imigambwe ya Christian-Democrats na D66 yose yo yaharuriwe intebe 19, kuri buri mugambwe.

Umugambwe Labour wari mu runani ruri ku butegetsi wo bigaragara ko warushijwe cane.

Aya matora aboneka nk'urupimo ko co aba Hollande bibaza kuri politike zikumira abimukira yo mu bihugu vya Bulaya, mu gihe mu Bufaransa no mu Budagi naho himirije amatora muri uyu mwaka.