Itegeko rishasha rya Trump ku bimukira ryiyamirijwe

Iryo tegeko bwirizwa ryatumye haduka imigumuko mu gihugu ca Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iryo tegeko bwirizwa ryatumye haduka imigumuko mu gihugu ca Amerika

Umucamanza w'igihugu wo mu ntara ya Hawaii yahagaritse itegeko rishasha rya Prezida Donald Trump ribuza abinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hasigaye amasaha ngo ritangure kuja mu ngiro.

Umucamanza Derrick Watson yavuze ko "ivyemezo bidakwiye", igihe leta ivuga ko iryo hagarika ry'abinjira muri Amerika ryofasha gukomeza umutekano w'igihugu.

Kuri iyo ngingo ya sentare, Prezida Trump yavuze ko atari bwabone mu mateka y'ubutungane, icemezo nkico gifashwe na sentare.

Iryo tegeko ryari gutuma abantu bo mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo aba Islamu batinjira muri Amerika ku kiringo c'iminsi 90, impunzi nazo ku kiringo c'iminsi 120.

Bwana Trump avuga ashimitse ko iryo tegeko ryofashije guhagarika abakora ibikogwa vy'iterabwoba kwinjira muri Amerika, ariko abandi basanga rikumira abantu bamwe bamwe.

Itegeko ryo mu ntango ryasohowe mu kwezi kwa mbere, ryatumye haba akavuyo n'imyiyerekano munyuma rihagarikwa n'umucamanza wo mu ntara ya Seattle.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Trump yavuze ko azogwana kugira ngo iryo tegeko rirengane

Bwana Trump yavuze ko azokwunguruza urubanza mu nzego zikenewe zose z'ubutungane harimwo no muri sentare ntahinyuzwa ya Amerika.

Ubutegetsi butegekanya kwungururiza urubanza muri sentare yabigenewe ya "Ninth Circuit Court of Appeals" ari nayo yashigikiye ingingo ya mbere yari yafatiwe iryo tegeko bwirizwa rya Trump.

Trump yasohoye itegeko rishasha rikumira abimukira