Umupastori yatoye "diamant" y'ama miliyoni $ muri Siera Leone

Abantu bacukura amabuye y'agaciro ya diamant ku giti cabo baragwiriye ahitwa Kono muri Sierra Leone Uwufise ububasha kw’isanamu OLIVIA ACLAND
Image caption Abantu bacukura amabuye y'agaciro ya diamant ku giti cabo baragwiriye ahitwa Kono muri Sierra Leone

Umupastori w'umukristu yatoye ikibuye kinini c'agaciro co mu bwoko bwa "diamant" muri komine ya Kano mu gihugu ca Sierra Leone.

Iyo "diamant" ifise uburemere bwa carats 709, muri kino gihe ikaba ibitswe mu banki nkuru y'igihugu i Freetown.

Ico kibuye, agaciro kaco gaharugwa mu ma miliyoni y'amadolari ku biciro vyo ku masoko mpuzamakungu, kiri muri binini vya mbere vyari bimaze gutogwa kw'isi.

Ikindi kibuye nka mwenico caratowe muri ico gihugu mu mwaka 1972, kikaba capima ama carats 969.

Inyuma yaho Pastori Emmanuel Momoh n'abamukorera bagitoreye, bagitwaye ku mukuru w'igihugu Ernest Bai Koroma, yaciye abashimira kuba batagitwaye kukigurisha hanze.