Amasase kw'ishule ry'Ubufaransa yakomerekeje benshi

Francois Hollande, prezida w'Ubufaransa
Image caption Francois Hollande, prezida w'Ubufaransa

Abantu benshi bakomeretse inyuma yaho umuntu arasiye kw'ishule ryo mu gisagara ca Grasse, mu bumanuko bw'Ubufaransa, niko igipolisi cavuze.

Umugabo afise ibigwanisho vyinshi yateye kw'ishule ry'ahitwa Tocqueville mu gitondo, arasa umuyobozi yongera akomeretsa abantu babiri, niko imbonerakure yo mu Bufaransa, BFMTV, yavuze.

Umuntu umwe yafashwe kandi igipolisi kigwanya iterabwoba camaze gushika muri ico kibanza, niko iyo televiziyo ivuga.

Ubutegetsi bwari bwaburiye abanyagihugu ku bijanye n'igitero c'iterabwoba gitegugwa, mu buryo bwa telefone ngendanwa.