Ingoma y'Ubwongereza yemeje ukuva mu muryango wa Buraya

Umwamikazi yagendeye inyubakwa ndangamuco y'igisirikare ku munsi wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwamikazi yagendeye inyubakwa ndangamuco y'igisirikare ku munsi wa mbere

Umwamikazi Elisabeth II, yemeje ko Ubwongereza buva mu muryango w'ibihugu vya Buraya, bikaba bigiye gutuma umushikiranganji wa mbere Theresa May atangura ibiganiro vyo kuwusezera.

Itegeko ryo kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya, ryahitishijwe ku munsi wa mbere n'abagize inama nshingamateka.

Rifasha umushikiranganji wa mbere kumenyesha ibiro vy'umuryango biri mu Bubiligi, ko Ubwongereza buvuye mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya, ivyo bikaba bizomara imyaka ibiri ngo bishobore kurangira.

Umupfasoni May yavuze ko azotanguza ivyo bikogwa mu mpera za kuno kwezi.

Bishobora kudakogwa mu ndwi iza mu kwirinda ko bihurirana n'inama y'uwo muryango, itari itegekanijwe.

Iyo nama izoba ihuriranye n'isabukuru ry'imyaka 60 ry'amasezerano ya Roma, yatumye umuryango wa Buraya mu vy'ubutunzi uvuka, wahavuye uvamwo Umuryango w'ibihugu vya Buraya.

Umunyamabanga ajejwe umugambi "Brexit" wo kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya, David Davis, yagize ati: "Mu mpera za kuno kwezi tuzokwisunga ingingo ya 50, iturekurira gutangura ibiganiro vyo kuraba ingene twobandanya dukorana n'umuryango w'ibihugu vya Buraya, n'ingene twokorana n'amakungu."